Uburundi bugiye kwinjira mw’Isoko rusangi ryo gutwara ibintu n’abantu hakoreshejwe ikirere. Ivyo bishobora gufasha mw’igabanuka ry’ibiciro vyo kwiyunguruza n’indege ku mugabane wa Afrika bisanzwe bizimvye gusumvya ku yindi mugabane. Bisigurwa n’ishirahamwe rijejwe igisata co kwiyunguruza n’indege, inyuma y’ibikorwa ryaremesheje ku wa gatatu uheze. Elie Ntacorigira arirongoye, akizera ko ivyo bishobora gutuma Uburundi bugira ingenzi nyinshi.
Amakuru
20 juillet 2023
