Amakuru
11 août 2023

Ivyuma vyo kwubaka vya fers à béton bitujuje ibisabwa, ntibizosubira kwinjizwa mu gihugu

Ivyuma vyo kwubaka bidakwije ivyangombwa na cane cane fers à béton vyahagaritswe kwinjizwa mu Burundi. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane n’umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gusuzuma ubuziranenge, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Séverin Sindayikengera, arongoye ikigo BBN, avuga ko fers à béton zikoreshwa mu Burundi zikwije ivyangombwa ziba zifise ubuhwane bwa milimetero zitandatu canke zirenga.