Amakuru
24 septembre 2021

Ivyo leta yagiriza umugambwe MSD ni ibinyoma bidafise ifatiro

Umugambwe MSD ugira urugamba rwa politike ntuzigera uja mu nzira y’intambara. Biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo mugambwe inyuma y’aho umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi yagiririje indongozi z’uwo mugambwe kuba ziri inyuma y’ibitero biherutse yise ivy’iterabwoba. François Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD, akamenyesha ariko ko batatangajwe n’ivyo ubutegetsi bubagiriza kuko kuva uwo mugambwe uvutse ngo wagumye utotezwa n’ubutegetsi.