Amakuru
21 décembre 2022

Ivyemezo vyose birakwiye kugira abakorera ubwicanyi Abatutsi bo muri Congo bashengezwe

Abakorera mu gisata co kurwanira agateka ka zina muntu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu cane cane akorera mu gisata c’agateka ka zina muntu barakwiye guhagurukira ikibazo c’amajambo y’iterabwoba aryanisha akoreshwa ku bavuga ikinyarwanda b’Abakongomani hamwe n’Abatutsi baba mu gihugu ca Congo, nk’uko boba atari abantu. Ako ni akamo gaterwa n’umushingwamanza w’Umubirigi Bernard Maingain avuga kw’izina ry’urunani rw’abashingwamanza barwanya amajambo abiba urwanko. Hari ku munsi wa mbere igenekerezo rya 19 Kigarama, mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru cabereye mu gihugu c’Ububirigi. Baramenyesheje kandi ko bariko baregeranya ibimenyetso vyose vy’ivyaha kugira babishikirize ama sentare mpuzamakungu kugira abakora ubwo bubisha bashengezwe.