Amakuru
23 septembre 2024

Ivyemezo vy’igandagurwa ry’Abahema birahari kandi abishwe baramenyekana (Me J. Mateso)

Mu minsi itanu gusa, kuva kw’itariki 14 kugeza kw’itariki 18 Nyakanga, umurwi w’inkorabara CODECO warishe abantu 28 bo mu bwoko bw’Abahema muri Ituri, mu buseruko bwa Congo. Abatari bake bakaba bagandaguriwe mu makambi y’abataye izabo ari i Gina, Fataki no mu kiyaya ca Savo. Jospin Mateso, umwe mu baserukira abakomoka muri ubwo bwoko, akaba ari n’umushingamateka, aranegura ingene inzego zijejwe umutekano ata co zikora kugira zituze ivyo bitero vy’uwo murwi. Agasaba izo nzego kwisubirako kugira zikingire neza abanyagihugu.