Amakuru
11 juillet 2023

Ivyemezo ku mabi akorerwa mu buseruko bwa Congo birakwiye kugira ababikora bashengezwe muri CPI

Abategetsi ba Congo bategerezwa kwemanga ko batariko barakora akazi kabo mu kudakingira abanyagihugu b’Abanyamulenge, Abatutsi bo muri Kivu yo mu buraruko hamwe n’AbaHema bo mu ntara ya Ituri. Igisirikare ca MONUSCO na co nyene cagirizwa kwirabira hirya mu gihe ubwo bwicanyi buba buriko buraba, bigafatwa nk’uko babishigikiye. Ivyo biri mw’itangazo ryo kuri uyu w’Imana ry’urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi muri abo banyagihugu, mu gusozera inama yari imaze iminsi 3 kugira abakorewe amabi batange intahe zabo. Umushingwamanza Bernard Maingain avuga ko bitebe bitebuke ubutungane bwaba ubwo mu gihugu ca Congo canke mpuzamakungu buzoteba bugahana abakoze ayo mabi.