Amakuru
24 novembre 2022

Ivyavuye mu nama y’i Luanda ku kibazo c’umutekano muri Congo birimwo ibibazo

Ingingo zafashwe mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ku mutekano muke uri muri Congo, ngo birimwo ingingo zijanye n’imigenderanire myiza, ariko zigoye gushira mu ngiro ku rubuga. Uwo ni umwihwezo wa Reagan Miviri, akurikiranira hafi ibibazo vy’umutekano muri Kivu yo mu buseruko. Ku bwiwe, guhamagarira umuhari M23 kuva mu bice wamaze gufata ntibihagije, mu gihe M23 itigeze igishwa inama kandi ifise ivyo iriko irasaba, co kimwe n’iyindi mirwi irwanira ku butaka bwa Congo. Kugira ngo akarere na cane cane igihugu ca Congo kironke umutekano, Reagan Miviri asaba y’uko habaho ukuvugana ukuri ku mpande zose zegwa n’umutekano muke muri Congo.