Amakuru
17 novembre 2022

Ivyavuye mu nama rukokoma y’ubutunzi, vyabaye impfagusa

Ivyavuye mu nama rukokoma y’ubutunzi vyabaye impfagusa. Bishikirizwa n’uwurongoye ishirahamwe ryinshinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, PARCEM, inyuma y’umwaka iyo nama ibaye. Ku bwa Faustin Ndikumana, nta kintu na kimwe cashizwe mu ngiro mu vyari vyapfunditswe. Ku bwiwe, igihugu ntigishobora gutera imbere mu gihe ata murongo ngenderwako gifise kugira gishobore guhangana n’ibibazo gifise.