Amakuru
25 mars 2023

Ivyavuye mu mugambi wa PRRPB wo kwandikisha amatongo mu makomine ya Isale, Buhinyuza na Matongo

Ku munsi wa kane ni ho hashirwa ahabona ivyavuye mu bikorwa vyo kwandikisha amatongo mu ma komine ya Isale muri Bujumbura, Buhinyuza mu ntara ya Muyinga na Matongo mu ntara ya Kayanza. Ku bwa Odette Kayitesi, umuhuzabikorwa mu mugambi PRRPB ujejwe kunagura akanovera k’isi mu Burundi, ngo ivyo bikorwa vyagenze neza gusumba uko bari bavyiteze. Ku matongo 16 956 yategerezwa kwandikishwa mu mitumba 26 igize ayo makomine atatu, handitswe amatongo 103 625, angana n’ibice 611,14%, muri yo harimwo ayangana n’ibice 70% yanditswe ku bakenyezi. Agasaba ko ivyo bikorwa vyokorwa mu gihugu cose.