Amakuru
16 décembre 2021

Ivyapfunditswe mu nama muri Kenya bikwiye kuja mu ngiro ku neza y’impunzi

Ibihugu biri mu karere ka Afrika y’ubuseruko birakwiye kwubahiriza amasezerano agenga impunzi. Ico ni kimwe mu biri mu rwandiko ishirahamwe riharanira agateka k’abari mu makambi y’impunzi muri Afrika y’ubuseruko (CBDH/VICAR) ryandikiye HCR. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko ayo masezerano avuga ko ata mpunzi ikwiye kwirukanwa ngo isubizwe mu gihugu yaje ivamwo. Iryo kete rikaba rije inyuma y’aho habereye inama i Nairobi yahuje abaserukira ishirahamwe ryitaho impunzi kugira bigire hamwe ivyokorwa mu ntumbero yo kwubahiriza agateka k’impunzi ziri mu karere k’ibihugu vy’Ibiyaga binini. Léopold Sharangabo arasaba ko n’ubundi burenganzira bw’impunzi bwokwubahirizwa harimwo kwiga, kuvuzwa, n’ibindi.