Amakuru
27 avril 2023

Ivyaha vyakorewe abakenyezi kuva mu 2015 bizotegerezwa guhanwa, bitebe bitebuke

Abakenyezi na bo nyene ntibasigaye inyuma mu mabi yakorewe Abarundi kuva ku wa 26 Ndamukiza umwaka w’2015. Ivyo vyashikirijwe n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, arongoye Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Jeanne d’Arc Zaninyana akaba yamenyesheje ko uguhohoterwa n’ugufatwa ku nguvu ari bimwe mu mabi yakorewe abakenyezi batari bake. Akaba yanamenyesheje ko umunsi uri izina abakoze ayo mabi bazovyishura.