Amakuru
20 janvier 2024

Ivyagiriji vya Martin Niteretse ku mugambwe CNL bicafuza uwo mugambwe (A. Rwasa)

Ivyagiriji vy’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu ko umugambwe CNL wifatikanya n’imirwi y’iterabwoba nta fatiro bifise. Bivugwa na Agathon Rwasa, umukuru w’uyo mugambwe mu kiganiro yahaye bagenzi bacu bo kuri télévision Isanganiro ku munsi wa kane. Umushikiranganji Martin Niteretse akaba yari aherutse kwandikira uwo mugambwe awugabisha ko uriko urifatikanya n’imirwi y’iterabwoba inyuma y’aho hari imigambwe yandikiye abahagarariye amasezerano ya Arusha harimwo umugambwe CNL. Agathon Rwasa ariyamiriza ivyo vyagiriji vy’uwo mushikiranganji.