Amakuru
29 mars 2024

Itunganywa ribi ry’ubutunzi bwa Congo ni yo ntandaro nyamukuru y’ibibazo vy’ico gihugu (C. Nangaa)

Urunani rwa politike rwa M23 na Alliance Fleuve Congo ruriyamiriza itunganywa ribi ry’ubutunzi kama bwa Congo butungisha ibice bimwe bimwe, mu gihe ibice bukomokamwo hibonekeza ubukene bwinshi. Vyashikirijwe na Corneille Nangaa, arongoye urwo runani, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Ntwarante i Kiwanja. Akaba yaboneyeho no kumenyesha ko mu gihe bofata igihugu bazotunganya neza ubwo butunzi kugira Abanyecongo bose bashobore kuronka ikibatunga biciye mu butunzi kama.