Amakuru
22 février 2023

Itunganywa ribi ry’igihugu ni co gituma nyamukuru hamaho ibura ry’ibitoro mu Burundi

Itunganywa nabi mu bijanye n’intwaro ni ryo riza kw’isonga mu bituma haba ubukene bw’urutavanako bw’ibitoro mu Burundi. Ivyo na vyo ni nk’abihariza isoko ryo kuzana ibitoro hamwe no kudahana abafatwa bacishije mu nzira zitarizo amafaranga y’agaciro. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abantu guhindura ingendo, mu gihe hasubiye kwibonekeza ikena ry’ibitoro mu bice bitandukanye vy’igihugu. Mu gihe bidakunze ko haba umuco mw’itunganywa ry’ibitoro, avuga ko ubukene bw’ibitoro buzokwama ari intambamyi mw’iterambere ry’igihugu. Avuga kandi ko hakwiye isuzuma ku bahabwa amasoko, na cane cane gusuzuma ko bafise ubushobozi bwo kugishikana mu Burundi kugira ntihasubire kuba amanyanga ayo ari yo yose. Faustin Ndikumana agasaba leta gutegekanya amafaranga yo kwubaka ahashingurwa ibitoro, mu nteguro y’amafaranga leta izokoresha mu mwaka uza.