Amakuru
8 juillet 2021

Itotezwa ribandanya rikorerwa abanywanyi b’umugambwe CNL be n’abahoze mu gisirikare ca kera nta kindi rivako atari umugambi wa CNDD-FDD

Itotezwa ribandanya rikorerwa abanywanyi b’umugambwe CNL be n’abahoze mu gisirikare ca kera (ex-FAB), Frederiko Bamvuginyumvira avuga ko ata kindi rivako atari umugambi wa CNDD-FDD wo kwica, gufunga canke kwangaza uwo wese atavuga rumwe n’ubutegetsi bwawo. Uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akavuga ko iyo ngendo yo gutoteza abo batiyumvira kumwe muri politike yamye iranga umugambwe CNDD-FDD kuva mu mwaka w’2005 ugishika k’ubutegetsi.