Journal
27 mai 2023

Itorwa ry’amategeko acinyiza umunyagihugu riva ku gutinya abavuguruza ubutegetsi

Kudashaka y’uko abo batabona kumwe ivya politike babaho, ugutinya guhangana mu buryo bw’ivyiyumviro ku bibazo nyamukuru biraba igihugu, ni bimwe mu vyatumye umugambwe CNDD-FDD ushiraho amategeko ahonyanga uburenganzira bw’Umurundi. Bishikirizwa na Aimé Nkurunziza yahoze ari umushingamateka yatowe mu mugambwe CNDD-FDD. Aimé Nkurunziza aributsa ko ivyo vyose ubutegetsi bwabitanguye kuva mu mwaka w’2010.