Amakuru
12 avril 2024

Itegeko rishasha rigenga amatora rishobora gutuma haba uwitoza umwe gusa (Gashatsi)

Kuduza cane amafaranga y’ingwati izotangwa n’uwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’Igihugu kuzohava gutuma amatora y’umukuru w’Igihugu yitabwa n’umuntu umwe. Bivugwa n’umushingamateka Abel Gashatsi. Yariko abaza ibibazo umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yariko arasigurira abashingamateka integuro y’itegeko rigenga amatora kuri uyu wa kabiri. Abel Gashatsi abona ko kuduza ingwati kwari kuba ariko ku rugero ruto.