Itegeko ryo mu mwaka w’2013 rigenga ibikorwa vy’amashirahamwe yigenga rihonyanga uburenganzira bwinshi bw’amashirahamwe. Mbere harimwo n’ingingo ubwazo bidakunda ko zikurikizwa. Ni umwihwezo w’ishirahamwe PARCEM rikangurira Abarundi guhindura ingendo. Ku bwa Faustin Ndikumana arirongoye ku rwego rw’igihugu, ngo n’aho ishirahamwe riba ryemerewe gukorera ku butaka bw’Uburundi, hama hari ingorane usanga rigira kuva hasi mu ntwaro iyo rigeze gutunganya ibikorwa.
Amakuru
30 septembre 2023