Amakuru
26 octobre 2023

Iteba ry’ivyegeranyo riva ku bikorwa vy’ubuhinga bwa none (umushikiranganji w’Ikigega ca leta)

Gushira ibikoresho mu buryo bwa none ni igikorwa kiremereye gisaba umwanya muremure. Iyo ni insiguro yatanzwe n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta. Hari ku munsi wa gatatu ariko yishura ku kibazo kijanye n’ibituma ivyegeranyo vy’ingene amafaranga ya leta bicerwa. Audace Niyonzima akaba yamenyesheje ko ico gikorwa kiriko kiratera intambwe, na cane cane muri OBR.