Amakuru
29 février 2024

Isuku ni karahara mu ruganda ntibacura mu guteza imbere ubukerarugendo (E. Ndayishimiye)

Abarundi ni baba bashaka ko ba mukerarugendo baza mu gihugu bakwiye gutangura kugirira isuku igisagara ca Bujumbura. Bisabwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari mw’ikoraniro kaminuza ryo kurabira hamwe ukuntu igisata c’ubukerarugendo coshikana Uburundi kw’iterambere. Iyo nama yabaye ku magenekerezo ya 27 na 28 Ruhuhuma. Umukuru w’Igihugu yasavye kandi abarwizatunga kwubaka amahoteli agezweho hamwe n’amazu yo kwakira amanama mpuzamakungu.