Amakuru
17 mars 2023

Ishure ni ryo kazoza k’urwaruka n’igihugu

Kuja kw’ishure ni ngirakamaro cane, biratanga icizere kuri kazoza ku rwaruka, n’aho hari bamwe basa n’abashaka guca intege urwaruka mu kubabwira ko ata buzi bukiboneka. Icegera ca Mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi yabimenyesheje ku wa gatandatu uheze, muri komine ya Mbuye, mu ntara ya Muramvya aho yari yagiye kwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi. Sabine Ntakarutimana akaba agabisha bamwe mu barezi bigisha abana b’abigeme ubuhumbu, agasaba abategetsi mu gihugu gufatira ibihano bikomeye bene abo bantu bakora icaha nk’ico.