Amakuru
13 avril 2022

Ishirwaho ry’urwego ruzoraba ivy’umutekano n’iterambere, risubiza inyuma intwaro rusangi

Umugambi wo guha inyigisho za gisirikare urwaruka rushobora kwikorwako bikenewe ntaco uje gufasha igihugu. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha rutavuga rumwe n’ubutegetsi. Abivuze inyuma y’uko kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Ndamukiza, Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rishiraho umurwi FRAD w’abazohabwa inyigisho za Gisirikare kugira bikenewe igisirikare kibikoreko, bafashe kandi mu bikorwa vy’iterambere. Frédéric Bamvuginyumvira akavuga y’uko uwo murwi ushizweho ku nyungu z’umugambwe uri ku butegetsi.