Amakuru
5 février 2022

Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko « Volleyball » mu Burundi ririko ryitegurira ihiganwa

Kuri uyu wa gatandatu niho hatangura ku mugaragaro ihiganwa ry’urukino rw’umupira w’amaboko volleyball mu Burundi. Serges Ntakavura, arongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko volleyball mu Burundi, yamenyesheje kuri uyu wa kane ko hazokina gusa imirwi yo mu gisagara ca Bujumbura, kubera iyo mu gihugu hagati itaritunganya neza. Umurwi nawo uzotahukana intsinzi ngo uzoronswa amafranga y’amarundi agera ku bihumbi amajana atanu mu gihe umurwi uzoba uwa kabiri uzoronswa ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu vy’amafranga y’amarundi.