Imfashanyo igizwe n’amakaye, amakaramu n’ibindi bikoresho vy’ishure nivyo vyaronkejwe abanyeshure b’impunzi z’Abarundi baba mu karere ka Huye mu gihugu c’Urwanda, hari ku munsi wa kabiri. Ferdinand Ndayiragije, arongoye ishirahamwe ryo gukinga ihonyabwoko, Forum pour la Mémoire Vigilante mu gifaransa, amenyesha ko ari mu tumbero yo gusahiriza abavyeyi muri kino gihe abantu bari mu bihe bitoroshe kubera ikiza ca Corona.
Amakuru
16 octobre 2021
