Amakuru
2 novembre 2022

Ishirahamwe ry’Abarundi baba mu mahanga bacuditse na CNDD-FDD ryuguruye icicaro caryo i Bujumbura

Ishirahamwe ry’Abarundi baba mu mahanga begereye ubutegetsi bwa CNDD-FDD ryaruguruye kuri uyu wa kabiri icicaro gikuru caryo i Bujumbura. Ku bwa Jean Berchmans Manirakiza, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, ico gikorwa ngo cahuriranye n’itangurwa ry’ibikorwa vy’iryo shirahamwe. Iryo shirahamwe rikaba ryari ryemerewe gukora ku mugaragaro ku wa 20 Nyakanga umwaka w’2022.