Amakuru
22 juillet 2021

Ishirahamwe ry’Abarundi baba mu gihugu c’Ububirigi riratera akamo ko gufasha abahuye n’ikiza c’imvura nyinshi

Ishirahamwe ry’Abarundi baba mu gihugu c’Ububirigi riratera akamo ko gufasha abahuye n’ikiza c’imvura nyinshi yaguye ku munsi wa gatatu w’indwi iheze mu bice bimwe bimwe vy’Ububirigi n’ibihugu bibana. Anésie Nkanira, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, amenyesha ko imfashanyo iriko irasabwa ari iyo kugarukira ku miryango y’Abarundi yasinzikajwe n’ico kiza. Ako kamo kakaba gatewe abanywanyi b’iryo shirahamwe aho bari hose, eka n abandi bose bafise umutima wo gufasha.