Amakuru
8 février 2022

Ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi risigaye rirongowe na Olivier Ndayishimiye

Olivier Ndayishimiye batazira Bright niwe aramutswa ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi kuva kuri uyu w’Imana, inyuma y’amatora yabaye hagati y’abanywanyi. Avuga ko agiye gushira imbere uguteza imbere abaririmvyi b’Abarundi no kubunga kugira bakorere hamwe. Akaba yatowe ku majwi 52 kuri 81 batoye, akaba yatorewe ikiringo c’imyaka 5.