Amakuru
12 septembre 2022

Ishirahamwe PARCEM risaba leta nshasha ko igisata c’Indero coshirwa mu vyihutirwa

Leta nshasha yotegerejwe gukora ibishoboka kugira itorere inyishu irama ibibazo bijanye n’ubukene bw’ibirasi n’ibindi bikoresho bikenewe mu gisata c’indero. Ako ni akagohe ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM) ryagize mu rwandiko ryasohoye kuri uno wa mbere, mu gihe abanyeshure batanguye umwaka w’ishure mushasha mu gihugu cose. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM, abona ko igisata c’indero cari gikwiye gushirwa mu vya mbere bihabwa amahera mu ndinganizo y’amafaranga leta ikoresha.