Amakuru
23 mars 2024

Ishirahamwe PARCEM risaba ko amazi yotunganywa neza mu Burundi

Igenekerezo rya 22 Ntwarante ni umunsi mpuzamakungu wahariwe amazi. Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, rirababazwa n’uko uwo munsi ushitse Uburundi bufise amazi menshi, ariko adatunganywa neza kugira ngo agirire akamaro abanyagihugu uko vyari bikwiye. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, asaba leta gukora ibishoboka vyose kugira ngo itunganye neza igisata c’amazi. Asaba kandi ko hosubizwaho ubushikiranganji bujejwe ivy’amazi mu Burundi.