Amakuru
19 juin 2023

Ishirahamwe PARCEM risaba icegeranyo c’ivyavuye mu gikorwa co guhinduza inoti za bitanu na cumi

Leta ikwiye gutanga icegeranyo c’ivyavuye mu gikorwa co guhinduza inoti za bitanu na cumi cari kimaze iminsi cumi. Bisabwa n’ishirahamwe PARCEM ryinshinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo. Ku bwa Faustin Ndikumana arirongoye, leta n’ibanki y’igihugu BRB vyari bikwiye kubwira abanyagihugu inyungu yavuyemwo no kumenyesha Abarundi ko abakekwako ubusuma hari abamaze kumenyekana, na cane cane ko hariho abo ico gikorwa casizemwo imvune bahomvye kubera kutamenya no kubera ata tegeko rihari ribuza kubika amahera mu nzu.