Amakuru
6 février 2024

Ishirahamwe PARCEM rirerekana ingaruka z’intambara mu Burundi ku butunzi hamwe no ku bumwe

Amabi y’urutavanako ni yo ntandaro y’ubukene ntangere Uburundi burimwo. Nta bumwe bushoboka mu gihe ibintu bidahindutse. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM ryishinze guhimiriza Abarundi guhindura ingendo. PARCEM ikaba ibivuze kuri uyu wa 5 Ruhuhuma, umunsi wahariwe Ubumwe bw’Abarundi. Faustin Ndikumana arirongoye aributsa ingaruka z’ibihe bimwe bimwe bibi bikomeye vyagize ku butunzi bw’igihugu, agasaba n’ukugaruka ku masezerano y’ubumwe bw’Abarundi hamwe n’Amasezerano ya Arusha kugira ubumwe bushobore gusasagara mu Burundi.