Amakuru
24 mars 2023

Ishirahamwe PARCEM rirahagaritswe umutima n’iduga ry’ibiciro hamwe n’ingaruka zaryo ku banyagihugu

Iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa riri ku rugero ruteye ubwoba mu gihugu c’Uburundi. Kuko nk’ibiharage vyaduze kugera ku bice 128%. Bisigurwa n’uwurongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo. Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, Faustin Ndikumana avuga ko leta itokwijajara kuko ingaruka ari nyinshi, harimwo inzara mu miryango n’uguheba amashure kw’abanyeshure.