Amakuru
10 août 2022

Ishirahamwe Human Rights Watch ririyamiriza amajambo ahayagiza uwahoze ari mu bahimiriza ubwicanyi

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch riratewe agahinda n’ijambo umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo, yashikirije ryo gushimagiza Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’iperereza, inyuma y’imyaka indwi agandaguwe. Clémentine de Montjoye, ajejwe umugabane wa Afrika mw’ishirahamwe Human Rights Watch, abona ko ijambo nk’iryo ritari kuvugwa, na rirya Adolphe Nshimirimana azwi kuba ari umuntu yabaye rurangiranwa mu guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi. Iryo shirahamwe rikabona ko ivyo guteza imbere agateka ka zina muntu biri kure nk’ukwezi.