Amakuru
21 avril 2023

Ishirahamwe FOCODE risaba ko umuryango wa Bunyoni utohorwa amabi yoba yarakoze

Umuryango wa général Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa Mbere usaba ko agateka kawo kokwubahirizwa. Kuva kuri uyu wa mbere aho habereye isakwa ku rugo rwiwe ruri mu Gasekebuye na Nkenga Busoro, uyo muryango wugaraniwe mu nzu aho ata muntu n’umwe wo hanze bavugana. Nk’uko bivugwa na bamwe mu baryango bituye ishirahamwe FOCODE, ngo n’ibitari bike mu vyari mu nzu vyarasahuwe n’igipolisi. Pacifique Nininahazwe, arongoye iryo shirahamwe, asaba ko umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH wokora ico ujejwe ugasaba ko umuryango wa Bunyoni ukingirwa, kuko ata wuhanwa mu kibanza c’uwundi. Arasaba kandi Abarundi na cane cane abategetsi, ko ibiriko birashikira général Alain Guillaume Bunyoni vyobabera icigwa.