Amakuru
22 février 2023

Ishirahamwe FOCODE risaba amatohoza kw’igandagurwa rya Ferdinand Nyandwi batazira Kambayingwe

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu FOCODE rimenyesha ko ukudahana amabi ajanye n’ihonyanga ry’agateka ka zina muntu, rikibandanya. Ribicishije mw’isekeza Ndondeza, iryo shirahamwe rifatira ku matohoza ryagize kw’igandagurwa rya Ferdinand Nyandwi batazira Kambayingwe, umuntu yishwe aheruka guhunguka, hari mu mpera z’umwaka uheze mu ntara ya Kirundo. Ku bwa Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE, igandagurwa ryiwe ryiyongera ku yandi mabi y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, akorwa n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD hamwe n’inzego z’umutekano.