Amakuru
21 mars 2024

Ishirahamwe CBDH/VICAR riranegura imvugo y’umukuru w’Igihugu ku Barundi baba mu Rwanda

Ishirahamwe ry’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi riranegura ivyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, aho yemanga ko Abarundi bose bamerewe neza uretse abagizwe abaja b’Urwanda. Hari ku munsi wa gatandatu uheze mu birori vy’uguhimbaza umunsi wahariwe Abakenyerarugamba, umuhari w’abakenyezi bo mu mugambwe CNDD-FDD. Léopold Sharangabo, arongoye ishirahamwe CBDH/VICAR, abona ko iyo mvugo ifise intumbero yo gusamaza Abarundi ku bibazo bibugarije mu gihe yategerezwa gukora ibishoboka kugira atunganye neza ibijanye na politike hanyuma n’izo mpunzi zikiri hanze zitahuke.