Amakuru
4 mai 2023

Ishirahamwe CBDDH riranegura inyifato ya bamwe mu bacamanza babandanya bacafuza isura y’igihugu

Ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka zina muntu b’Abarundi, CBDDH, ririyamiriza imanza zibiri zaciwe ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 2 Rusama, urw’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye n’urwaciriwe umunyamabanga agira kabiri wa sendika y’abakorera mu gisata c’indero mu Burundi, Emilienne Sibomana. Ku bwa Eulalie Nibizi, umunyamabanga nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe, ukugumiza mu munyororo abo bakenyezi babiri, ngo kwerekana ko ubutungane bw’Uburundi butisunga amategeko mu manza. Eulalie Nibizi asaba abategetsi mu ntwaro no mu butungane kwubahiriza amategeko mu gushiraho ubutungane bwuzuriza bose.