Amakuru
30 juin 2023

Ishirahamwe CBDDH rirahagaritswe umutima n’urubanza rwaciriwe Emilienne Sibomana

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi, Sentare nkuru y’intara ya Gitega yaraciriye Emilienne Sibomana urubanza rwo gupfungwa imyaka 5 n’ugutanga ihadabu ry’imiliyoni 5 z’amafaranga y’amarundi ahorwa gutanga amakuru atyoza patiri Laurent Ntakarutimana arongoye ishure Christ-Roi ry’i Mushaha. Emilienne Sibomana akaba yari yashize ahabona ibikorwa vyo gufata ku nguvu vyakorwa na patiri Laurent Ntakarutimana ku bana b’abigeme bo kuri iryo shure. Hari mu nama yari yahuje abategetsi batandukanye mu ntara ya Gitega n’abanyagihugu ku wa 26 Nzero uno mwaka. Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi (CBDDH) rumenyesha ko ruhagaritswe umutima n’urubanza rwaciwe. Eulalie Nibizi, umuyobozi nshingwabikorwa w’urwo runani, asaba ubutungane kwirinda gukoreshwa mu manza zigira ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu.