Abantu batatu barishwe bunyamaswa mu kiringo c’indwi zibiri mu ntara z’uburaruko, ubuseruko no hagati mu gihugu. Ivyo biri mw’itangazo ishirahamwe AVDP riharanira agateka k’abanyororo ryaraye rishize ahabona. Jean Nayabagabo, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe AVDP mu karere k’uburaruko, akaba yihaniza iyo ngendo y’ububisha, agasaba ko umuntu apfa ikintu n’uwundi yomushikiriza ubutungane ha kwihanira kugeza kwica.
Amakuru
9 novembre 2023
