Amakuru
9 novembre 2023

Ishirahamwe AVDP ririyamiriza ukwihanira kuvamwo impfu kwigaragaza mu ntara zo mu buraruko n’ahandi

Abantu batatu barishwe bunyamaswa mu kiringo c’indwi zibiri mu ntara z’uburaruko, ubuseruko no hagati mu gihugu. Ivyo biri mw’itangazo ishirahamwe AVDP riharanira agateka k’abanyororo ryaraye rishize ahabona. Jean Nayabagabo, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe AVDP mu karere k’uburaruko, akaba yihaniza iyo ngendo y’ububisha, agasaba ko umuntu apfa ikintu n’uwundi yomushikiriza ubutungane ha kwihanira kugeza kwica.