Amakuru
9 février 2023

Ishirahamwe Amnesty International rirasaba irekurwa ata gisabwe rya Floriane Irangabiye

Ishirahamwe Amnesty International ryatanguje isekeza ryo gusaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Mw’ikete ryarungikiye umushikiranganji w’Ubutungane, iryo shirahamwe riranegura urubanza rwaciriwe Floriane Irangabiye, rwamushikanye ku gihano co gupfungwa imyaka 10. Rachel Nicholson, umushakashatsi ku Burundi muri Amnesty International, ahamagarira abantu bose bakorera muri ico gisata c’agateka ka zina muntu gutera akamo umushikiranganji w’Ubutungane kugira Floriane Irangabiye arekurwe.