Amakuru
28 juin 2023

Ishirahamwe ACAT-Burundi risaba leta kuronsa ubutungane abakorerwa amabi yo kuborezwa igufa

Igenekerezo rya 26 Ruheshi, isi yose irahimbaza umunsi wahariwe gushigikira abahohotewe ubuzima « torture » mu gifaransa. Ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi ryishinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ryemeza ko mu myaka itatu umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi, ico caha c’uguhohotera ubuzima bwa kiremwa muntu kibandanya kwigaragaza mu Burundi. Anitha Gateretse, ajejwe gutunganya ibikorwa mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, amenyesha ko mu kiringo c’umwaka, kuva mu kwezi kwa Ruheshi 2022 gushika ku wa 31 Rusama 2023, abantu 39 ari bo bamenyekanye ko baborejwe igufa kandi batigeze baronswa ubutungane. Agasaba leta y’Uburundi kwubahiriza ivyo yiyemeje, kugira abakora ico caha bahanwe.