Amabarabara makuru makuru yo mu gihugu c’Uburundi agiye gusubirwamwo. Ayo mabarabara akazokorwa n’amakoperative asanzwe ari mu ma komine. Ivyo bishikirizwa na Déogratias Nsanganiyumwami, umushikiranganji w’Inyubako. Akaba yabishikirije ku munsi wa kabiri mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Déogratias Nsanganiyumwami akemeza ko ivyo bikorwa bizoha akazi abantu barenga ibihumbi bibiri.
Amakuru
25 mars 2022
