Irungikwa ry’abasirikare b’Abarundi mu ndyane z’imirwi irwana muri Congo, rirahagaritse umutima umuhari w’ibikorwa nkundagihugu. Mw’itangazo uwo muhari washize ahabona kuri uyu wa kabiri, ufatira ku mafaranga y’umurengera akoreshwa muri izo ntambara, mu gihe ibisata vyose vy’igihugu bihobahoba. Ku bwa Libérat Ntibashirakandi, avugira umuhari MAP-Burundi Buhire, irungikwa ry’abo basirikare muri Congo hakoreshejwe amafaranga y’umunyagihugu ntiryari rikwiye. Ahamagarira umukuru w’Igihugu c’Uburundi, akaba ari we anarongoye umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, gushira imbere ibiganiro gusumvya intambara.
Amakuru
26 octobre 2022