Amakuru
29 novembre 2023

Irihwa ry’amakori ku buhinga bwa none rizotuma ukunyuruza amakori kugabanuka (Umuyobozi wa OBR)

Abarundi bakwiye kwimenyereza gutanga amakori n’amatagisi bakoresheje ubuhinga bwa none. Ako kamo ni aka Jean Claude Manirakiza, arongoye ikigo kijejwe gutoza amakori OBR. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, aho yari aramutse amenyesha ihimbazwa ry’umunsi wahariwe uwutanga ikori usanzwe uhimbazwa igenekerezo rya 5 Kigarama. Jean Claude Manirakiza amenyesha ko ugukoresha ubuhinga bwa none kuzogabanya ubusuma bwahora bukorwa .