Amakuru
7 mai 2022

Ipfungwa ry’akarenganyo rya Muganga Christophe Sahabo riracafuza ishusho y’Uburundi

Muganga Christophe Sahabo apfunzwe hahonyanzwe amategeko. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE. Uwo ari no mu baharanira agateka ka zina muntu, avuga ko iryo pfungwa ricafuza izina ry’Uburundi mu makungu. Agasaba abaharanira agateka ka zina muntu kwitura ubutungane mpuzamakungu kugira basabe irekurwa rya Muganga Sahabo.