Intumbero y’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi ni iyo kuzimanganya demokarasi kugira uwo umugambwe wizizire igihugu wonyene. Bivugwa na Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’umugambwe MSD. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’umugambwe CODEBU, Keffa Nibizi, apfungiwe. Umugambwe MSD umenyesha ko utatangajwe n’ipfungwa ry’abantu nka Keffa Nibizi kuko umugambwe uri ku butegetsi wamye urangwa no gutoteza abandi.
Amakuru
19 octobre 2023