Amakuru
11 mai 2023

Ipfungwa rya Alain Guillaume Bunyoni si wo muti w’ibibazo bihanze Uburundi

Alain Guillaume Bunyoni aragirizwa ivyaha bitari bike bifatiye ku guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi. Bivugwa n’umukuru w’umugambwe UPD-Zigamibanga aho usaba ko intahe yomukubita mu gahanga, Abarundi bahaburiye ababo n’abandi bakorewe ivyaha bakaronka ubutungane. Ku bwa Chauvineau Mugwengezo, iryo hagarikwa rya Bunyoni ntiryari rikwiye gusamaza Abarundi kuko icihutirwa kugira Uburundi butwarwe neza ari ugusubiza itoto amasezerano y’amahoro ya Arusha.