Amakuru
27 janvier 2022

Iperereza rya gisirikare niryo ryanyuruje Jean Marie Vianney Badogomba, rikoresheje abasivile

Iperereza rya Gisirikare niryo ryanyuruje Jean Marie Vianney Badogomba ku wa 19 Nyakanga umwaka w’2021. Ivyo vyerekanywe n’amatohoza yakozwe n’ishirahamwe FOCODE ribicishije mw’isekeza Ndondeza. Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE, avuga ko uwitwa Jean Bosco Nibitegeka, batazira Bujiginya, ariwe yakoreshejwe n’iperereza kugira rishobore gufata Badogomba kuko bari basanzwe bazinanye.