Amakuru
8 juin 2021

Inzu z’umwuzuriraho zitwa « préfabriquées » zirorohereza abariko barubaka

Inzu z’umwuzuriraho zitwa « préfabriquées » mu rurimi rw’igifaransa ngo zirorohereza abariko barubaka. Ir Libère Nitunga, arongoye ishirahamwe PRECAST FIRST rizubaka, akamenyesha ko bobo bubaka mu mwanya muto kandi ko bafasha n’abafise uburyo bubayabaye bakaronka inzu yo ku regero bariko. Libère Nitunga akaba yabivuze aho yari yitabiriye ihayanishwa-gurisha ry’ibikorerwa mu Burundi ririko ribera mu gisagara ca Bujumbura.