Amakuru
5 août 2022

Inzira yo mu mazi mu kuzana igitoro yotwara ica kane c’uburyo bukoreshwa giciye mw’ibarabara

Hamwe igitoro coca mu kiyaga Tanganyika, coshika mu Burundi hakoreshejwe ica kane c’amahera akoreshwa kizanywe n’amakamyo mw’ibarabara. Bivugwa na Diomède Nahimana, umuyobozi mukuru wo gutwara abantu n’ibintu biciye mu mazi, hari kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Yamenyesheje kandi ko ibikenewe vyose kugira igitoro gice mu mazi bihari.